عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Traducer [Al-Humaza] - Kirundi translation - Yusuf Gheti

Surah The Traducer [Al-Humaza] Ayah 9 Location Maccah Number 104

Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’uwo wese anegura akandagaza abantu, akwiragiza insaku (gateranya);

Yishinga kwegeranya amatungo no kuyaharura kenshi.

Mbega yibaza ko amatungo yiwe azomubeshaho ibihe bidahera akanamukingira iharurirwa!

Nateshwe ate, arahumba! Ni ukuri uyo muntu, azojugunywa muri ruyonza.

Ntumwa y'Imana! Mbega, ni igiki cokumenyesha ico ari co ruyonza?

Ni umuriro w’Imana Allah wama wegenyejwe;

Mu vy’ukuri, uwo muriro urabakikuje mu mpande zose;

Bazoba baboheshejwe iminyororo miremire n’amapingu; ntibazocaruka na gato.