عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

Alms Giving [Al-Maun] - Kirundi translation - Yusuf Gheti

Surah Alms Giving [Al-Maun] Ayah 7 Location Maccah Number 107

Mbega warabonye uwuhakana yivuye inyuma, izuka ry’ibiremwa n’impera yavyo ku musi w’izuka?

Uyo, ni uwuryagumba agahahaza impfuvyi, agahonyanga agateka kayo ku karenganyo;

Ntanahimirize gufungurira abakene, nkeswe kubafungurira we nyene.

Burya guhanwa nya guhanwa, ni ukw’abasenga mu buryarya;

Abirengagiza amasengesho yabo mu kutayasengera ku mwanya wayo no mu kutubahiriza ibisabwa vyayo;

Abiyerekana mu vyo bakora kugira bashimwe n’abantu;

Bakanimana mu kudatizanya utumaramuziro[1].