عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Succour [An-Nasr] - Kirundi translation - Yusuf Gheti

Surah The Succour [An-Nasr] Ayah 3 Location Madanah Number 110

Ntumwa y’Imana! Igihe habonetse intsinzi y’Imana Allah ugatsinda ababangikanyamana mu Bakorayishi, ugaheza ugahabuza igisagara ca Makka;

Ukabona n’abantu binjira mw’idini ry’Imana Allah ry’ubwislamu ari benshi mu migwimigwi;

Aho rero, uraca witegurira kurengutswa n’Imana Allah, uheze uninahaze ushimagize Imana yawe Rurema Allah, wongere uyisabe kenshi ikigongwe. Mu vy’ukuri, Yo Yamye Yumvira cane abigaya.