The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe mankind [An-Nas] - Kirundi translation - Yusuf Gheti
Surah The mankind [An-Nas] Ayah 6 Location Maccah Number 114
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ndikinze ku Mubungabunzi w’abantu bose;
Umwami Mugabe w’abantu, Yikenuye;
Imana Nyene gusengwa n’abantu, ata yindi mana ikwiye gusengwa atari Yo;
Inkingire inabi ya shetani itera amazinda kenshi iyo umuntu agoswe, ikanyegera iyo aninahaje Imana Allah;
Itera amazinda n’amakenga mu mitima y’abantu, ikabosha gukora ibibi no kureka ibitegetswe;
Ikomoka mu bwoko bw’Amajini n’ubw’abantu”.