The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesStoneland, Rock city, Al-Hijr valley [Al-Hijr] - Kirundi translation - Yusuf Gheti
Surah Stoneland, Rock city, Al-Hijr valley [Al-Hijr] Ayah 99 Location Maccah Number 15
Alif Laam Raa [319]. Izi ni Aayah z’Igitabu, ico Gitabu kikaba ari yo Qor’ani itomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira, ikaba inatomoye neza kandi no mu burongozi bwayo.
Igihe abagarariji babonye ibigaba mu bislamu bitezuriwe bikava mu muriro wa Jahannamu, bazokwicuza igituma batabaye abislamu.
Ntumwa y’Imana! Reka abagarariji barye baryame, bidagadure baryoherwe gato n’ubuzima bw’isi, maze basamazwe no guhurumbira kwegeranya ivy’isi ha kugamburukira Imana Allah; bitebe bitebuke, bazomenya neza iherezo ryabo, ko ari ribi.
Nibaba rero bakugarariza ku gushaka kwihutira guhanwa, nibamenye ko ata ho Twigeze guhana abanyagacimbiri ngo Tubahonye, kiretse igihe isango ry’ihonywa ryabo rigeze.
Nta mugwi n’umwe rero w’abantu wigeze guhanwa isango ry’ihanwa ryawo ritaragera, eka nta n’uwigeze guhanwa isango ry’ihanwa ryawo ryarenganye.
Abagarariji babwiye Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) batebura bati: “Ewe muntu wamanuriwe Qor’ani, wewe mu vy’ukuri warakehewe n’ubwenge;
Ubwo ntiwari gupfuma utumanurira abamalayika bemeza ukuri kwawe niwaba uri mu mvugakuri!”.
Imana Allah Yaciye Ibishura Iti: “Burya Twebwe Allah, ntitumanura abamalayika, kiretse mu gihe hageze ihanwa ry’abagarariji vy’ukuri. Muri ico gihe rero, ntitunatenyenya na gato kubahana;
Mu vy’ukuri ni Twebwe Allah, Twahishuriye Qor’ani Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi ni Twebwe nyene Twishinze kuyibungabunga; nta kizokwongerwamwo nta n’ikizokurwamwo, eka ntizogenda amazimayongo”.
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twararungitse aho hambere yawe Intumwa ku migwi y’abantu itandukanye;
Nta Ntumwa n’imwe muri zo rero yigeze ibashikira, kiretse ko bahora bayiteburako.
Ni nk’uko nyene rero - Twateye ikimangu c’ubugarariji ku mitima yabo kubera itebura ryabo - Dutera ikimangu c’ubugarariji mu mitima y’abanyavyaha bakugarariza;
Ntibemere Qor’ani wamanuriwe, ni na kwo Imana Allah Yamye Ibigenza mu guhonya imigwi y’abagarariji bo hambere yawe.
N’iyo Tuza kwugururira abagarariji b’i Makka umuryango ugana mw’ijuru, maze bakawudugiramwo kugira bibonere ukuri kwamye ibitangaro vyacu, ntibari kwemera namba;
Ni ukuri, bari kuvuga bati: “Mu vy'ukuri twahunitswe, ibi tubona n’amaso si ivy’ukuri na gato, ahubwo mbere twebwe twarozwe”.
Ni ukuri Twebwe Allah, Twarashize mw’ijuru riri hafi y’isi inzira-ntasobwa z’inyenyeri, kugira nya nyenyeri zibere abantu ibimenyetso vyo kumenya inzira, umwanya, ibihe vy’agatasi n’ici, Turanaheza Tuzigira ibisharizo bisharije isi ku bitegereza;
Twaranakingiye ijuru ribegereye ngo ntirivogerwe na shetani yavumwe;
Kiretse iyigerageje mu mashetani gusuma urusaku ku nkuru z’ibiremwa vyo mw’ijuru, iyo iraheza igaterwa inyenyeri nyakotsi yakaka, ikayiturira [320].
Isi na yo nyene Twarayaguye, Turaheza Tuyiremako imisozi iyishigikiye nk’imambo, Tuyimezako amoko y’ibintu vyose nkenerwa ku rugero rugezwe neza, rutarenga ntirurenguke.
Turanabaremera ivyotuma muba kw’isi mu biterwa n’ibitungwa, n’ibindi. Twarabaremeye n’uruvyaro, abakozi n’ibitwazi mwikorako; ivyo vyose bikaba bibeshejweho n’Imana Allah, mbere si na mwe mujejwe icobibeshaho.
Nta kintu na kimwe nkenerwa rero ku neza y’ibiremwa, kiretse ko ibigega vyaco biri iwacu Twebwe Imana Allah, kandi ntitunaronsa nya biremwa ibibibeshaho, kiretse ku rugero rwagezwe, ruzwi.
Twaranaremye umuyaga Turungika kugira ubangurire ibicu maze imvura ikagwa, ukabangurira n’ibiterwa mu gihe bishuritse, ukongera ugasunika ibicu vy’imvura aho Dushatse ko imvura igwa, gutyo Tugatuma nya mvura ivuye muri nya bicu igwa, Tukabanywesha kuri nya mazi y’imvura, mukanavomera n’indimo zanyu mukananywesha n’ibitungwa vyanyu. Iyo mvura rero, ntimushoboye namba gutuma igwa ku gihe mushakiye.
Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Dushoboye gusubiza ubuzima ikiremwa mu gihe gipfuye, ni na Twebwe nyene Dushoboye kwaka ubuzima ikiremwa mu gihe isango ryo gupfa rigeze, ni na Twebwe Samuragwa w’isi n’ibiri kuri yo.
Ni ukuri, Turazi neza na neza abamaze gupfa muri mwebwe kuva kuri Adamu, Turazi neza na neza n’abakiri bazima gushika ku musi w’iherezo ry’ibiremwa.
Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izokwegeraniriza hamwe ibiremwa vyose kugira Ibiharurire, Yongere Inabihembe. Mu vy’ukuri, ni Yo Ntungane mu vyo Ikora; Nyenubumenyikurivyose.
Ni ukuri, Twaremye Adamu mw’ivu ryumye rikumagana nk’ikinonko, ryahindutse ibara rikirabura, rigahindura n’akamoto.
Na Ibilisi [321] ikaba ari na yo nkomoko y’amajini, Twayiremye mu rubeya rw’umuriro rutagira umwotsi, hari imbere y’irema rya Adamu;
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Imana yawe Rurema Allah Yabwiriza abamalayika hamwe na Ibilisi Iti: “Jewe mu vy’ukuri, Ngira Ndeme umuntu mw’ivu ryumye rikumagana nk’ikinonko, ryahindutse ibara rikirabura, rigahinduka n’akamoto;
Ninamara kumurema Nkatunganya indemo, Nkamuhuhiramwo inkomoko y’ubuzima “Roho”, muraheza muce mumwubamira, mumuhe icubahiro kimukwiye”.
Abamalayika bose rero, baciye bubahiriza iryo bwirizwa baramwubamira, bamuha icubahiro kimukwiye;
Ariko Ibilisi yaranse kwubamira Adamu ari kumwe n’abamalayika bamwubamiye.
Imana Allah Yarabajije Ibilisi Iti: “Wafashwe n'igiki catumye utubama hamwe n’abamalayika?”.
Ibilisi yarireguye ku Mana Allah n’ubwishime n’akantu ati: “Sinshobora kwubamira umuntu Waremye mw’ivu ryumye rikumagana nk’ikinonko, ryahinduye ibara rikirabura, rigahindura n’akamoto”.
Imana Allah Ica Ibwira Ibilisi Iti: “Kuri iyo mvo rero, va mu Bwami bw’ijuru kuko wewe mu vy’ukuri uri ikivume;
Kandi mu vy’ukuri, ivumwe rizokwagira gushika ku musi w’impera y’ibiremwa igihe vyazutse”.
Ibilisi araheza aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye rero kuramba gushika ku musi w’izuka ry’ibiremwa [322]”.
Imana Allah Yishuye Ibilisi Iti: “Wewe mu vy’ukuri, uri mu bazoramba;
Gushika ku musi w’umuhero w’isi [323], si ku musi w’izuka ry’ibiremwa”.
Ibilisi araheza avuga n’agahigihigi ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ku kubera ukuntu Wampubishije, ni ukuri nzoryohereza uruvyaro rwa Adamu gukora ivyaha kw’isi; kandi ni ukuri, nzokwita ku rutare ndabahubishe bose inzira yawe;
Kiretse abaja bawe Warongoye muri nya ruvyaro, bagaheza bakagutumbera mu vyo bakora vyose”.
Imana Allah Isubizayo Iti: “Ng’iyi rero inzira igana kuri Jewe, igororotse;
Mu vy’ukuri abaja banje, bazontumbera mu vyo bakora vyose, nta bubasha namba uzoba ubafiseko mu kubahubisha inzira yanje; ariko uzogira ububasha bwo gutera inyoshambi abazogukurikira mu bahuvye, bakirengagiza inzira yanje;
Mu vy’ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ryo sango ry’ihuriro rya Ibilisi n’abazomukurikira bose;
Uwo muriro rero, ufise imiryango indwi igerekeranye gushika mu nyenga zawo. Umuryango umwe wose muri yo, wagenewe umugwi kanaka mu bakurikiye Ibilisi, hisunzwe uburemere bw’ivyaha vyawo”.
Mu vy’ukuri abagamburukiramana, bazoba bari mu mirima itotahaye, ikikijwe n’inzuzi zitemba mu Bwami bw’ijuru;
Bazobwirwa bati: “Nimwinjire mu Bwami bw’ijuru mw’iteka n’itekane”;
Tuzoheza rero Tweze imishaha yabo, ntizogira inzigo n’urwanko namba, bazoba muri nya Bwami bw’ijuru ari abavandimwe bakundana, bicaye barabana ku bitanda vy’inyegamo vy’iteka;
Muri nya Bwami bw’ijuru rero, ntibazoruha ngo bagire ubute, eka ntibazonigera babukurwamwo.
Ntumwa y’Imana! Iganira abaja banje ko mu vy’ukuri, ari Jewe Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni banje;
N’uko mu vy’ukuri, ibihano vyanje ari vyo bihano bibabaza.
Biganire kandi inkuru y’abashitsi mu bamalayika bigeze kugendera Ibrahimu, bakaza mw’ishusho ry’abantu;
Igihe binjira kwa Ibrahimu bagaca bamuramutsa bati: “Nimugire amahoro”, maze na we akabishura ati: “Nimusangwe ayandi”, araheza arabazimana baranka gufungura, aca ababwira ati: “Mu vy’ukuri, muraduteye impungenge!”;
Ba bashitsi bahumuriza Ibrahimu bati: “Ntugire impungenge na gato, mu vy’ukuri, twaje kuguhumuriza mu kugushikiriza agakuru keza ko uzokwibaruka umwana w’incabwenge mw’idini yitwa Is-haka”.
Ibrahimu aca aritangaza ati: “Mbega yemwe mumpumuriza mu kunshikiriza agakuru keza ko nzokwibaruka, kandi naramaze gusaza jewe n’umukenyezi wanje. Igitangaro kiri aho!”.
Ba bashitsi mu bamalayika bamwishura bati: “Burya tugushikirije agakuru keza! Iyi ni inkuru y’ukuri ivuye ku Mana yawe Allah, ntukabe rero mu bihebura ko batokwibaruka mu busaza”.
Ibrahimu aca abishura ati: “Mbega ni nde yokwihebura ku mpuhwe z’Imana yiwe Rurema Allah, kiretse abahuvye inzira yayo!”.
Ni ho rero Ibrahimu yaca ababaza ati: “None ga Ntumwa z’abamalayika! Mugenzwa n’amaki?”.
Za Ntumwa z’abamalayika ziramwishura ziti: “Twebwe mu vy’ukuri, twarungitswe n’Imana Allah kuja guhonya abantu ba Luutwi, b’abanyavyaha;
Kiretse umuryango wa Luutwi n’abamwemeye, abo dutegerezwa kubarokora bose mu bihano;
Havuyemwo umugore wa Luutwi kuko yaramaze guhakana. Ivyagezwe kuri we, ni uko na we nyene ari mu bahanwa”.
Igihe izo ntumwa z’abamalayika zishika ku muryango wa Luutwi;
Luutwi yazibwiye ati: “Mu vy’ukuri, sinamenye abo muri”.
Za ntumwa ziramutururuza ziti: “Ntugire ubwoba namba, ahubwo twaje gushira mu ngiro ibihano ku bantu bawe bahora bahakana ko vyobashikira;
Twaje rero vy’ukuri iwawe, turungitswe n’Imana Allah. Kandi ni ukuri, ivyo tukwiganiye ni ivy’ukuri;
Kubera ivyo rero muri iri joro, urimuka wewe n’umuryango wawe hamwe n’abemeramana, maze ugende mu nyuma zabo kugira ntihagire n’umwe muri bo asigara, kandi ntihagire n’umwe muri mwebwe ahindukira ngo arabe inyuma, muheze mugende munyaragasa gushika aho mutegetswe kuba muri mu mahoro”.
Twebwe Allah Turaheza Duhishurira Luutwi rero ko ihonywa ry’abantu biwe yarungitsweko, riba mu mutwenzi.
Abantu bo mu gisagara ca Luutwi, aho bumviye ko kwa Luutwi haje abashitsi, baraje banezerewe ko baronse abagabo bipfuza ha kwipfuza abagore.
Luutwi, ni ho yamama akavuga ati: “Ni ukuri, aba ni abashitsi banje, ndabinginze ntimumaramaze imbere y’abashitsi banje;
Nimutinye ibihano vy’Imana Allah, reka ntimuntetereze mu gushira isoni ku bashitsi banje”.
Ba bantu baraheza babwira Luutwi bamushinyaguriza bati: “Ntitwakubujije kwakira abantu b’ingenz i[324]”.
Luutwi aca arabiyama ababwira ati: “Ng’aba abakobwa banje [325] ndababashingiye nimwaba mushaka kwabira ha kwipfuza abagabo!
Ntumwa y’Imana! Ndarahiye ku cubahiro c’ubuzima bwawe [326] ko abantu barungikiwe Luutwi, bari baragoswe bakaguma bajuragirika;
Gushika n’aho bahitanwa mu bucagucagu n’ibihano bihonya.
Ni ho rero Twebwe Allah, Twabubikako isi y’aho baba, hejuru haja mu kuzimu, Duca Tuhacucagira amabuye ahiye y’urutavanako.
Ni ukuri muri iryo hona ryabo, harimwo ivyemezo vyotuma abantu biyumvira bakikebuka;
Mu vy’ukuri, igisagara cabo kiri ku nzira irengana kuri bose, abahaca barashobora kubona nya gisagara.
Ni ukuri muri iryo hona ryabo, harimwo ivyemezo bigaragaza ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah ku bemeramana bubahiriza amabwirizwa yayo.
Ni ukuri, abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye, barirenganije mu kugarariza Imana Allah n’Intumwa yayo Shu’ayibu;
Duca Turabibahora mu kubahanisha nyamugigima. Kukaba nkako, burya ibisagara vy’abantu barungikiwe Luutwi n’abarungikiwe Shu’ayibu, vyompi biri ku nzira y’aho abantu baca, boheza bakahatorera icigwa bakikebuka.
Ni ukuri Abanyahijiri[327], baragararije Intumwa zose[328] mu kugarariza Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah).
Twabarungikiye ivyemezo [329] vyerekana ukuri kw’Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), maze baravyirengagiza.
Abanyahijiri bahora babaza inzu babamwo mu misozi, batekaniwe ko nya nzu zitobasenyukirako.
Ni ho bahitanwa mu mutwenzi n’ibihano bihonya;
Amatungo n’inkomezi hamwe n’inyubakwa vyabo, ntivyabakingiye guhitanwa n’ibihano bihonya vy’Imana Allah.
Twebwe Allah, ntitwaremye amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, kiretse ko Twabiremye mu kuri, kugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyisenge ari Imwe Rudende. Ni ukuri, igihe c’umuhero w’isi vuba bwango kirashika, kugira umuntu wese ahemberwe ivyo yakoze. Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, birabishe amaso wirengagize ibangamira ry’ababangikanyamana, ukwirengagiza kuzira umwidogo.
Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Nyenukurema Yaremye ikintu ico ari co cose, Nyenubumenyikurivyose.
Muvugishwamana! Ni ukuri, Twaraguhaye igisomwa c’intango “Al-Faatiha”, kigizwe na Aayah indwi zisomwa mu cunamo c’isengesho iryo ari ryo ryose, Twaranaguhaye Qor’ani ntagatifu.
Ntumwa y'Imana! Ntukarabe wipfuza ivyo Twahaye bamwe mu bagarariji mu bihendamaso vy’isi; kandi ntugatuntuzwe n’igarariza ryabo, uraheza gusa wicishe bugufi ku bemeramana;
Unavuge uti: “Mu vy’ukuri jewe, ndi Umugabisha atomoye ku bihano vy’Imana Allah, ko vyobashikira mu gihe mwogarariza;
Imana Allah Irabagabisha ku bihano Iti: “Nk’uko Twebwe Allah Twamanuriye ibihano abaciyemwo Qor’ani imice, bakemera bimwe bagahakana ibindi [330], ni ko Tuzohana n’abandi”;
Abafashe Qor’ani bakayicamwo imice kugira ngo baburagize abantu kuyemera, mu kuvuga ko ari uburozi bwigendera, abandi na bo ngo ni amangetengete".
Kubera ivyo vyose rero, Jewe Allah Ndarahiye kw’izina ry’Imana yawe Rurema, ko Twebwe Allah Tuzobaharurira ku musi w’izuka, Duheze Tubahembe bose;
Tubahembere ivyo bakoze kw’isi mu gucamwo Qor’ani imice, hamwe n’ibindi vyaha bakoze mu gusenga ibintazi.
Ntumwa y'Imana! Rarikira rero abantu ku mugaragaro, ko bokurikira ukuri wategetswe n’Imana Allah, maze ubarabishe amaso wirengagize ibangamira ry’ababangikanyamana;
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaramaze kugukingira ibangamira ry’abatebura kuri Qor’ani;
Ababangikanya Imana Allah mu gusenga ibigirwamana, bitebe bitebuke bazomenya iherezo ribi ry’ivyo bakoze.
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Turazi neza ko utuntujwe n’ivyo bavuga mu kukurwanya.
Ku kugira uremururire umushaha rero, ninahaza Imana yawe Rurema Allah mu kuyishimagiza, wongere ube mu bayubamira mu gusenga;
Uheze ushishikare kwiyegereza Imana yawe Rurema Allah mu vyo ukora vyose, unayisenga ubuzima bwawe bwose, gushika umusi wawe wo gupfa.