The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesExplained in detail [Fussilat] - Kirundi translation - Yusuf Gheti
Surah Explained in detail [Fussilat] Ayah 54 Location Maccah Number 41
Haa Miim[1].
Iyi Qor’ani, yahishuwe na Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo, ku Muvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);
Ni Igitabu, Aayah zaco zatomowe bikwiye mu nsiguro no mu ngingo vyazo. Qor’ani yamanuwe yoroshe gutahura mu rurimi rw’icarabu ku bantu baruzi neza;
Ishikiriza inkuru nziza abantu bayemera bakayigendera, ko bagenewe indishi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ikanagabisha abayigarariza ku bihano bibarindiriye kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa; ariko abenshi muri bo, barayirengagiza, ntibayumva ngo baheze bayemere, bayigendere.
Abagarariji birengagiza Qor’ani, babwiye Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bati: “Imitima yacu irugaye, ntiyoroha ngo itahure ivyo uturarikira kwemera; n’amatwi yacu yarazivye, ntiyumva ivyo uvuga; kandi hagati yacu na we hari ipaziya ituma tutokurikira irarikiramana ryawe. Kubera ivyo rero, kora ivyo ukora wisunze idini ryawe, na twe nyene ntitwicaye, mu vy’ukuri dukora ivyo dukora twisunze idini ryacu, ntiturota tugukurikira”.
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni ukuri jewe, ndi umuntu nkamwe, mpishurirwa gusa n’Imana Allah ko Imana yanyu Ikwiye gusengwa Itabangikanywa, ari Imana Imwe Rudende Allah, nimukurikire rero inzira ibashikana kuri Yo, mwongere muyisabe ikigongwe ku vyaha vyanyu. Uguhanwa nya guhanwa rero, ni ukw’ababangikanyamana bateza imitima yabo mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah;
Abadatanga imperezwa ngo bayihereze abayigenewe, batanemera izurwa ry’ibiremwa, eka ntibanemera ko Ubwami bw’ijuru n’umuriro udahera, bibaho”.
Mu vy’ukuri abemeye Imana Allah, Intumwa yayo n’Ibitabu vyayo, bagakora n’ivyiza bitegetswe ku bw’Imana Allah, barategekanirijwe impembo ihambaye yamaho.
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni ukuri, aho nyene murakenyeye mugararize Imana Allah Yaremye isi mu misi ibiri, maze muyigirire ababangikanyi muyibangikanya mu gusengwa! Iyo Mana Yaremye, ni Yo Mana Mubungabunzi w’ibiremwa vyose;
Iraheza Ishira kuri nya si, imisozi iyigumya, Iranayihezagira kugira izokwame ibeshaho abayibako; maze mu yindi misi ibiri Igera imfungurwa n’ibindi vyose nkenerwa mu buzima bwo kw’isi, gutyo yose hamwe iba ikwiye imisi ine ku bashaka kubaza ikiringo c’iremwa ry’isi n’ibirimwo;
Mu nyuma, ni ho Yatumbera ijuru Irarirema, imbere y’aho rikaba ryari umwotsi, maze Iraribwira hamwe n’isi Iti: “Nimubeho mwubahiriza ibwirizwa ryanje vyanka bikunda!”. Maze ijuru n’isi biragamburuka biti: “Twakwitavye, twicishije bugufi mu bugamburutsi nta ngere, ntiturota duca kubiri n’ibwirizwa ryawe”;
Ni ho rero Imana Allah, Yatunganya iremwa ry’amajuru indwi mu misi ibiri, gutyo ikiringo c’imisi y’iremwa ry’amajuru indwi n’isi, kiba imisi itandatu[2]; Iraheza rero Ihishura mw’ijuru rimwerimwe amabwirizwa yubahirizwa muri ryo, Iranashariza ijuru ryegereye isi n’inyenyeri zakaka nk’amatara, kugira Irikingire kuvogerwa n’amashetani asuma urusaku. Iryo remwa ritangaje ry’ivyo vyose rero, ni indinganizo yateguwe na Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenubumenyikurivyose”.
Ntumwa y’Imana! Abahakanyi rero nibirengagiza Qor’ani, inyuma y’aho bayitomorewe bagatomorerwa n’ibiranga Imana Allah, uraheza ubabwire uti: “Ku bwanje, nabagabishije ku bihano bihonya; nk’ivyahoneje Bene Aadi na Bene Thamuudi”;
Igihe Bene Aadi na Bene Thamuudi bashikirwa n’Intumwa z’urutavanako zikababwiriza ziti: “Ntimukiyegereze ikindi kintu kitari Imana Imwe Rudende Allah mu vyo mukora vyose mu gusenga”. Baraheza bishura n’itebura n’akantu bati: “Iyo Imana yacu Rurema Allah, Ishaka ko tuyisenga ari Imwe Rudende tutayibangikanya na kimwe mu vyo dukora vyose, Yari kumanura abamalayika bakaba ari zo Ntumwa ziturarikira isengwa ryayo. Kuri iyo mvo rero ga mwa Ntumwa mwe! Ni ukuri, turagararije isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah muturarikira”.
Bene Aadi barungikiwe Intumwa Huudi rero, baragize amanyama barihambaza ku bantu ku karenganyo, baraheza bavuga n’ubwishime n’akantu bati: “Ni nde aturusha inguvu n’ingabo!”. Mbega ntibabona ko Imana Allah Yabaremye, ari Yo Ibarusha inguvu n’ingabo! Bene Aadi rero, bari n’abantu bahakana bivuye inyuma ivyemezo vyacu.
Ni ho rero Twabarungikira umuyaga w’igikonyozi umena amatwi mu misi y’akaga kabi, kugira Tubahonje ibihano bisuzuguza kw’isi. Ni ukuri, ibihano bibarindiriye mu buzima bw’inyuma yo gupfa, birazusuguza cane kurusha, ntibazoronka n’uwubatabara ngo abibakingire.
Nayo Bene Thamuudi barungikiwe Intumwa Swalehe, Twarabatomoreye inzira ibereye y’ukuri, maze bahitamwo ubupfamaso ha guhitamwo uburongozi, baca bahitanwa n’ibihano bisuzuguza bihonya, bitewe n’ivyaha vy’igarariza ryabo.
Twahavuye rero Turokora mu bihano vyahoneje Bene Aadi na Bene Thamuudi, abemeye Imana Allah bakanikingira ibihano vyayo mu kwubahiriza amabwirizwa yayo.
Umusi rero abansi b’Imana Allah bazutse bagashorerwa mu muriro, babanje kwegeranirizwa hamwe bose;
Bamaze gushikira no kubona nya muriro, bakigarama ibibi bakoze, amatwi, amaso n’ibindi bihimba vyabo bizobagiriza ku vyaha n’ibicumuro bari barakoze kw’isi;
Maze bavuge bata imiragwe ku bihimba vyabo bati: “Ni kuki mutwagiriza ivyaha n’ibicumuro twakoze!”. Vya bihimba biheze vyishure biti: “Twashobojwe kuvuga n’Imana Allah Ishoboye kuvugisha ikintu cose, ni na Yo Mana Yabaremye ubwa mbere, ni no kuri Yo rero mwasubijwe mumaze kuzuka, kugira muharurirwe, muheze muhemberwe ivyo mwakoze;
Mwakora ivyaha vyanyu kw’isi mwihishije mutazi ko amatwi, amaso n’ibindi bihimba vyanyu bizobagiriza ku musi w’izuka; ariko ivyo mwakora vyose, mwabikorera mu mpisho mwibwira ko Imana Allah Itazi vyinshi mu vyaha mwakora;
Ukwo kwiyumvira nabi rero Imana yanyu Rurema Allah, ni kwo kwabataye mu muriro, muca muba mu bahomvye ubuzima bwabo n’ivyabo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.
Abagarariji rero nibaba bashobora kwihanganira ibihano, nibamenye ko umuriro ari ryo cumbi ryabo; nibatakamba bagasaba gusubizwa kw’isi ngo bakore ivyiza bitegetswe naho, ntibazokwemererwa igisabo cabo.
Twarabaretse bagira abagenzi babi babama hafi mu mashetani akomoka mu bantu no mu Majini, maze babaryohereza gukora ibibi no kuryoherwa n’ibihendamaso vy’isi, babibagiza no gukora ivyiza bizobagirira akamaro mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kubera ivyo vyose rero, bategerezwa kwinjira mu muriro hamwe n’imigwi yahakanye aho hambere yabo mu Majini no mu bantu. Mu vy’ukuri, bari no mu bantu bahomvye ubuzima bwabo n’ivyabo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Abagarariji babwiranye hagati yabo bahanurana bati: “Ntimukumvirize iyi Qor’ani ngo mukurikire amabwirizwa yayo; mu gihe Muhamadi ariko arayisoma rero, murayogorera rimwe, mumuciramwo mu kuvuga, mu gukobereza no mugukoma amashi, mushaka ko kumbure yohava akaganzwa agaheba kuyisoma”;
Kubera ivyo rero, ni ukuri Tuzohonja abagarariji bahanurana nk’ukwo, ibihano bikaze mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri Tuzonabaha impembo mbi cane ku vyaha bari barakoze kw'isi;
Ivyo bihano bikaze rero, ari na yo mpembo ikwiye abansi b’Imana Allah, ni umuriro wa Jahannamu; muri wo, ni ho bafise ubuzima budahera, ni yo mpembo yabo kw’ihakana ryabo ry’ivyemezo vyacu[3].
Abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, bazovuga n’ishavu n’akantu bari mu muriro udahera, bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twereke abaduhubishije mu Majini no mu bantu, maze tubahonyange n’ibirenge kugira babe mu nyenga y’umuriro!”.
Mu vy’ukuri abavuze bati: “Imana yacu Rurema Itabangikanywa, ni Allah; hanyuma bakaba n’abagororotsi mu kwubahiriza amabwirizwa yayo; iyo bari ku mpfiro, bururukirwa n’abamalayika bakababwira babahumuriza bati: “Ntimutinye na gato gupfa, vyongeye ntimugire impungenge y’ibikurikira mu buzima bw’inyuma y’aho, kandi ntimwicwe n’intuntu ku vyo musize kw’isi, nimuhimbarwe nyabuna n’Ubwami bw’ijuru mwahora musezeranirwa””.
Nya bamalayika barongera bakababwira bati: “Twebwe, turi abahagarikizi n’abatabazi banyu mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa. Mu Bwami bw’ijuru, mufise kuronswa ivyo vyose umutima wanyu wipfuza, mukanihitiramwo n’ivyo mushaka;
Ni induhuro y’ivyiza bihimbaye bivuye kwa Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”.
Nta n’umwe avuga ijambo ryiza rihimbaye, yoza aruta uwurarikira ukwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, akanakora n’ivyiza bitegetswe, maze akavuga yemanga ati: “Jewe ni ukuri, ndi mu bislamu bicisha bugufi mu kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah[4]”.
Iciza gikorwa n’abemeramana bubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, bakaba n’abagwaneza ku bandi, ntikingana mu ndishi n’ikibi gikorwa n’abagarariji baca kubiri n’amabwirizwa yayo, bakanagirira nabi abandi. Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, uwukugiriye nabi uramwishura ineza mu bwitonzi, ico kizotuma uwahora ari umwansi wawe ahinduka, maze abe umukunzi wa hafi, akurwanako.
Nta wushobozwa kugira inyifato nziza yo gusubiza ineza ku nabi yagiriwe, kiretse abihanganira abandi bagashira imbere ibishimisha Imana Allah; nta n’uwushobozwa kugira iyo nyifato, kiretse uwahawe umugabane uhambaye wo kubaho mw’iteka n’itekane kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Mu gihe rero shetani yogutera inyoshambi, maze ukibwira ku mutima ko utegerezwa kwihora uwakugiriye inabi, uraheza wikinge ku Mana Allah Iheze Igukingire inyoshambi za shetani, mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo uvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa.
Mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende kandi Ishoboye, ni ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango n’ibisikanya ry’izuba n’ukwezi; ivyo vyose rero, biba ku bushobozi bwayo. Ntimukubamire rero izuba canke ukwezi kuko ari ibiremwa, ahubwo nyabuna nimwubamire Imana Allah Yo Yabiremye nimwaba koko ari Yo musenga mutayibangikanya na kimwe mu biremwa.
Ababangikanyamana, nibagira amanyama mu kutubamira Imana Allah, baramenya ko abamalayika bari ku Mana yawe Rurema Allah, batigera bagira amanyama mu kutayubamira, ahubwo mbere ntibahengeshanya kuyininahaza no kuyitazira ijoro n’umurango, kandi bobo rero ntibigera baruha canke ngo badebukirwe[5].
Biri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende kandi Ishoboye, kubona isi yagadutse igacika ubukumbagare, Tugize ngo Turamanuye imvura ikagwa kuri nya si yagadutse, buno nyene nya si igaca ibomba, ikiyongera n’akanovera, maze ibiterwa n’ivyimeza bikanaga. Mu vy’ukuri Imana Allah, Isubiza isi akabombere, igasubira kumera inyuma y’igaduka ryayo, ni ukuri Irashoboye no gusubiza ubuzima abapfuye bakazuka. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose.
Mu vy’ukuri, abahusha ukuri bakagarariza Aayah zacu za Qor’ani, bakanazisigura ukutari kwo, ntitubayobewe na gato. Mbega burya none, uwutabwa mu muriro ku bugarariji bwiwe, ni we ntore, canke intore ni uwuzoza ku musi w’izuka atekaniwe ku kudahanwa, ategekanirijwe n’impembo y’ukwemera kwiwe Aayah za Qor’ani! Bagarariji! Nimukore ivyo mwipfuza gukora, burya Imana Allah, Irabona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona, Izobibahembera.
Mu vy’ukuri abagararije iyi Qor’ani, bakayihakana bivuye inyuma igihe ibashikiriye, bazohanwa nya guhanwa. Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, ni ukuri ni Igitabu gitagatifu gikingiwe guhindagurwa;
Ntivogerwa n’ikinyoma iyo coturuka hose, nta gikurwamwo, nta congerwamwo nta n’igihindurwa muri yo. Yamanuwe ivuye ku Mana Allah, Intungane mu vyo Ikora, Nyenugushimwa.
Ntumwa y’Imana! Nta co ababangikanyamana bakubwira, kiretse ko bakubwira ico Intumwa zarungitswe hambere yawe zabwiwe n’abo zarungitsweko; ihanganire rero ivyo bakubwira, maze ushishikare irarikiramana. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Nyenikigongwe ku bigaya, Irahana Igahasha abimonogoje mu bugarariji.
Ntumwa y’Imana! N’iyo Tugira Qor’ani Twakumanuriye, ikamanuka mu rurimi rutari urw’icarabu, ababangikanyamana bari kuvuga bati: “Ese iyo dutomorerwa Aayah zayo mu carabu, maze tukazitahura”; bari no kuvuga bitangaza bati: “Yemwegaye! Qor’ani iri mu rurimi rutari urw’icarabu, ihishuriwe Umwarabu!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Iyi Qor’ani ku bemeramana, ni uburongozi bubakura mu muzimagiza, ni n’umuti w’indwara z’amakenga n’uburyarya ziri mu gikiriza; nayo abatemera Qor’ani, barazivye amatwi, ntibayumva ngo banyurwe, ibatera n’ubupfamaso bw’umushaha, ntibarongora namba”. Abo babangikanyamana rero, ni nk’uwuhamagarwa kandi ari kure cane, ntashobora kwumva uwumuhamagara ngo amwitabe!
Ni ukuri Twebwe Allah, Twahaye Musa Igitabu ca Tawurati nk’uko Twaguhaye Igitabu ca Qor’ani, maze Bene Israyeli bicamwo imigwi mu kucubahiriza; muri bo hari abacemeye, harimwo rero n’abagihakanye. Iyo rero hataba isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah Yamaze gutanga ryo kutihutira guhana abantu warungitsweko, mu kurindiriza ibihano vy’umwe wese mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri abagarariji muri bo bari guhanwa bagahona bose, maze hagasigara abagororotsi gusa. Mu vy’ukuri ababangikanyamana, ni ukuri barafise amakenga kuri Qor’ani.
Uwo wese rero azokora iciza gitegetswe akumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, azoba abikoze ku neza yiwe; nayo uwuzokora ikibi mu kutumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, azobihanirwa ku gatwe kiwe. Burya Imana yawe Rurema Allah, ntirenganya n’umwe mu biremwa mu kugabanywa ku vyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha, n’aho koba akantu inzatsa.
Ku Mana Allah Yonyene, ni ho hari ubumenyi bw’isango ry’umusi w’umuhero w’isi; nta n’igitumbwe c’ivyamwa kiva mw’ishurwe ryasambuye; nta n’igitsina-gore gisama eka mbere ntikinavyara imbanyi, kiretse ko ivyo vyose biba ku bumenyi bw’Imana Allah. Umusi rero Imana Allah Yahamagaye ababangikanyamana, maze Ikababwira mu kubatetereza Iti: “Mbega abo mwambangikanya mu bikorwa vy’iyumviramana hamwe no mu kunsenga, bari hehe!”. Bazoheza bishure bati: “Kuri uno musi, turakumenyesheje ko ata n’umwe muri twebwe yokwemanga yemeza ko hari uwubangikanije na Weˮ;
Maze ivyo bahora basenga mu gishingo c’Imana Allah, bizimangane amazimayongo, baheze bizere neza ata kwihenda ko ata buhungiro bafise.
Burya, umuntu ntiyigera arambirwa no gusaba Imana Allah ivyiza vyo kw’isi[6]; iyo akozweko n’ikiza c’ubukene canke indwara n'ibindi, aca yihebura akiyumvira nabi Imana Allah;
Iyo naho Tumuhonjeje inema ivuye ku mpuhwe zacu Twebwe Allah, inyuma y’amagorwa yamukozeko, ntaheza ngo ashime, ni ukuri aca agira akagagazo akavuga ati: “Izi nema ndazihawe kuko ndazikwiye, kandi sinibaza n’uko umuhero w’isi ubaho ngo nzuke; no mu gihe vyoshika ukabaho nkazuka, ngasubira ku Mana yanje Rurema Allah, ni ukuri nzosanga Ubwami bw’ijuru bundindiriye”. Ni ukuri ku musi w’izuka, Tuzomenyesha abagararije Imana Allah ibikorwa vyabo bibi, ni ukuri Tuzonabahonja ibihano bikaze.
Iyo rero Twebwe Allah, Duhaye umuntu inema zacu akaroranirwa mu buzima, aca ahindukira akagira amanyama. Iyo naho akozweko n’ikiza c’ubukene canke indwara n'ibindi, araheza agasaba Imana Allah ayitabaza ko Ikimukurako[7].
Ntumwa y’Imana! Bwira abahakana Qor’ani bivuye inyuma uti: “Nimumbwire, mu gihe iyi Qor’ani yoba yavuye ku Mana Allah hanyuma mukayigarariza, hari umuhuvyi yoza asumba mwebwe, akaba ari no mw’ihazana riri kure cane y’ukuri!
Abahakana bivuye inyuma Aayah za Qor’ani, Tuzobereka ivyemezo vyacu mu biba mu turere dutandukanye[8], no mu biba mu kuntu bo nyene baremwe, gushika n’aho bamenya neza ata kwihenda ko Qor’ani ari ukuri kwahishuwe n’Imana Allah. Mbega ntivyari bikwiye kugira bemere Qor’ani n’uwayihishuriwe, kuba Imana yawe Rurema Allah ari Yo Ivyemeza[9], Ikaba ari na Yo Ibona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa, Ikazobibihembera!
Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri abagarariji, bafise amakenga mu kutemera ko bazohura n’Imana yabo Rurema Allah inyuma yo gupfa. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri Imana Allah, mu bumenyi bwayo, Irakikuje ibintu vyose, nta na kimwe Itazi.