The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe private apartments [Al-Hujraat] - Kirundi translation - Yusuf Gheti
Surah The private apartments [Al-Hujraat] Ayah 18 Location Madanah Number 49
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimugakore ikintu na kimwe kitisunze ingingo y’Imana Allah n’Intumwa yayo, ngo mwadukane bishasha mu mabwirizwa y’idini; muraheza rero mutinye ibihano vy’Imana Allah mu gihe mwovuga canke mugakora ibiciye kubiri n’amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana[1].
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukarenze urwamo Umuvugishwamana mu gihe muriko muraganira na we; kandi ntimugasemerere mu kumuhamagara nka kurya mubigenza hagati yanyu[2], kuko vyotuma ibikorwa vyanyu bicika impfagusa ata vyo muzi.
Mu vy’ukuri, abaca bugufi mu kutarenza urwamo Intumwa y’Imana, igihe bari kumwe na yo; abo, ni bo Imana Allah Yagerageje imishaha yabo, maze Irayeza mu kuyishikana kw’igamburukiramana, bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, vyirengagizwe ntibabihanirwe, bazonaronka n’impano zihambaye kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru.
Muvugishwamana! Mu vy’ukuri, abaguhamagara basemerera bari hanze y’ivyumba vyawe, bakakurenza urwamo, abenshi muri bo, ntibatahura icubahiro cawe ngo baguhamagare mu rupfasoni rugukwiye.
Iyo bihangana bakarindira ko usohoka, vyari kuba ari vyiza kuri bo ku Mana Allah kuko Yabategetse kukwubaha. Burya Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nihagira ikigaba kibazanira inkuru, murabanza muyitohoze mu bwitonzi imbere yuko muyemera ngo muyikwiragize, ku kwanka ko mwosanga mwandagaje abantu b’abera ku kutamenya, maze mugasigara muricuza ku vyo mwakoze.
Nimumenye kandi ko Intumwa y’Imana iri kumwe na mwe, muheze rero murangwe n’urupfasoni, kuko yoyo ishaka ko mubaho mw’iteka n’itekane, ata we mubangamiye. Mu gihe rero yobumvira mu vyo mwipfuza vyose, ni ukuri ntimwokworoherwa namba; ariko rero Imana Allah, Yabakundishije ukwemera Iranakuryohereza mu mishaha yanyu, Ibankisha ubugarariji n’ubugaba bwo kurenga ku mabwirizwa yayo no kugabitanya. Abarangwa n’izi ngeso nziza rero, ni bo bari mu nzira nziza ibereye y’ukuri.
Ivyo vyiza vyose murimwo, ni impano n’inema zivuye ku Mana Allah. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora.
Nihagira imigwi ibiri mu bemeramana ishamirana ikarwana, muraca muyihuza muyinywanishe mwisunze Igitabu c’Imana Allah n’inyigisho z’intumwa. Nihagira umugwi muri yo wanka kwubahiriza ingingo yafashwe, muraheza muwurwanye mwivuye inyuma, gushika ugarutse ku ngingo y’Imana Allah n’Intumwa yayo. Niwagaruka kuri iyo ngingo rero, muranywanisha iyo migwi ata nkunzi, maze muyitunganirize mwisunze ingingo y’Imana Allah n’Intumwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irakunda abatunganiriza abandi ata nkunzi[3].
Ni ukuri abemeramana, ni abavukanyi mw’idini, muraheza rero munywanishe hagati y’abavukanyi banyu baramutse batase, maze mutinye Imana Allah muri ukwo kunywanisha kugira mugirirwe impuhwe na Yo.
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntihakagire umugwi w’abagabo usuzugura uwundi mugwi, kumbure hari n’aho umugwi usuzuguwe muri bo, woba urangwa n’ubutore gusumba umugwi wawusuzuguye. No mu bagore nyene, ntihakagire umugwi muri bo usuzugura uwundi mugwi, kumbure hari n’aho umugwi wasuzuguwe muri bo, woba urangwa n’ubutore gusumba umugwi wawusuzuguye. Ntimugatezanye urubwa, kandi ntimugatazirane amazina mabi (adakundwa). Ni bibi cane ko mwitana izina ry’ubunyakibi mu nyuma y’aho mumariye kuba abislamu, mugatahura ububi bwavyo. Uwutazokwigaya rero ngo avavanure no kwitana izina nk’iryo, azoba ari mu birenganije.
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwirinde ukwikeka nabi kenshi abemeramana, mu vy’ukuri bimwe muri ukwo kwikeka nabi ni ibicumuro; kandi ntimukagendereze murondera kumenya utunenge twabo, ntimukandagazanye[4]. Burya none muri mwebwe, hari uwokunda ko yorya inyama z’umubiri w’umuvukanyi wiwe yamaze gupfa! Nimwanke mwankirize rero kwandagazanya, kuko kwandagaza umuntu ari nko kumurya inyama yapfuye. Nimugamburukire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenukwumvirabigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Emwe bantu! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twabaremye Tubakomoye kuri so wanyu umwe ari we Adamu, na nyoko wanyu umwe ari we Hawa, nta gituma rero mwokwihaya ku nkomoko zanyu; Twaranabaremye mw’ima ry'intanga biciye mu kurondoka, Tubagira amahanga n’amoko atandukanye kw’isi kugira gusa mumenyane. Mu vy’ukuri, intore muri mwebwe isumba abandi ku Mana Allah, ni umugamburukiramana muri mwebwe gusumba abandi. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Muhetuziwavyose.
Ababa mu micungararo y’igisagara ca Madina, barinamuye bavuga bihaya bati: “Twaremeye vy’ukuri Imana Allah n’Intumwa yayoˮ. Muvugishwamana! Babwire uti: “Ntimukihaye ko mwemeye vy’ukuri, ahubwo nimuvuge muti: “Twarabaye abislamuˮ, nayo ukwemera ntikuranyengetera mu mitima yanyu. Nimwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, Imana Allah ntizogabanya na kimwe mu ndishi z’ibikorwa vyanyuˮ. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo[5].
Ni ukuri abemeramana koko, ni barya bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, hanyuma ntibagira amakenga mu kwemera kwabo, maze baharanira n'idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga ubwabo. Abo, ni bo rero mvugakuri koko mu kwemera kwabo.
Muvugishwamana! Bwira ababa mu micungararo y’igisagara ca Madina uti: “Mbega mubwira Imana Allah ibijanye n’idini hamwe n’ukwemera kwanyu, kandi Imana Allah Izi neza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi! Burya rero Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikanaˮ.
Muvugishwamana! Bakwihayako ko bagukurikiye bakaba abislamu! Babwire uti: “Ntimukanyihayeko ko mwabaye abislamu kuko mwababaye ku neza yanyu; ahubwo Imana Allah Ibihayako ku kuba Yarabashoboje kuba abislamu, mukayemera Yo hamwe n’Intumwa yayo nimwaba muri imvugakuri koko mu kwemera kwanyuˮ.
Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi neza ibinyegejwe ibiremwa mu majuru n’isi. Burya Imana Allah, ni Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora kandi Izobibahembera.