The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesNooh [Nooh] - Kirundi translation - Yusuf Gheti
Surah Nooh [Nooh] Ayah 28 Location Maccah Number 71
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarungitse Intumwa Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ku bantu bayo, Tuyibwira Duti: “Gabisha abantu bawe imbere yuko bashikirwa n’ibihano bibabaza cane”.
Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), iraheza ibabwira iti: “Bantu banje narungitsweko! Mu vy’ukuri jewe, ndi Umugabisha nyawe, nkaba ndi n’Intumwa kuri mwebwe.
Ico ndabararikiye si ikindi, ni uko mwokwiyegereza Imana Allah mu vyo mukora vyose mukanayisenga ari Imwe Rudende mutayibangikanya, mugaheza mugatinya ibihano vyayo, maze mukanyumvira mu kwubahiriza amabwirizwa ndabashikiriza;
Imana Allah, Izoheza Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu ntibibahanire, Yongere Ibongerereze imyaka y’ukubaho gushika kw’isango ntarengwa ry’umwe wese muri mwebwe ryo gupfa. Mu vy’ukuri isango ntarengwa ryo gupfa, ryagenwe n’Imana Allah, rigeze ntirisubizwa inyuma. Iyo muba mubizi rero, mwokwihutiye ukwemera Imana Allah".
Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yavuze iti: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri aba bantu banje, narabahamagariye ku kwemera ijoro n’umurango;
Ariko ihamagara ryanje ryo kukwemera, nta co ryabunguye atari ukumpunga n’ukunyirengagiza;
Mu vy’ukuri, igihe cose ndabahamagariye ku kwemera kugira ngo Ubababarire ivyaha vyabo, baca bazibiza intoke amatwi yabo kugira ntibanyumve, bakipfuka n’impuzu zabo kugira ntibambone, gutyo bagatsimbatara ku buhakanyi, bakanirengagiza ukwemera ku manyama.
Hanyuma narabahamagariye ku kwemera izuba riva ku mugaragaro;
Hanyuma ndasemerera, ikindi gihe ndabongorera mw’ibanga;
Ndaheza ndababwira nti: “Nimusabe Imana yanyu Rurema Allah imbabazi ku vyaha vyanyu, mwongere mwigaye kuri Yo ubugarariji bwanyu; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenimbabazinyinshi;
Nimwicisha bugufi ku Mana Allah, Izoheza Ibamanurire imvura nyinshi;
Yongere Ibahe amatungo menshi n’ibibondo, Ibahe n’imirima itotahaye hamwe n’inzuzi.
Mbega bantu! Ko mutubaha Imana yanyu Allah ngo muyizere, muyisenge!
Mu gihe ari Yo Yabaremye mu rukurikirane rutandukanye[1];
Mbega, ntimubona ukuntu Imana Allah Yaremye amajuru indwi agerekeranye!
Iraheza Igira ukwezi kubaboneshereza mw’ijuru ribegereye, Igira n’izuba ngo ribabere itara ryakiriza bose rikabasusurutsa!
Burya Imana Allah, Yaremye inkomoko yanyu mw’ivu[2]; nka kurya Imeza imbuto mw’isi;
Hanyuma, Imana Allah Izobasubiza mw’ivu mupfuye, Iheze Inaribazuremwo kandi ku musi w’impera.
Imana Allah, ni Yo Yabagiriye isi nk’isaso;
Kugira ngo mugendagende mwidegemvye kuri yo”.
Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yavuze iti: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, abantu banje barimonogoje mu kungarariza, baraheza bakurikira abantu ata co amatungo yabo n’abana babo bizobungura, atari uguhuba kw’isi no guhomba mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Abarongoye abandi, baragize n’ubwononyi bukomeye mu guhubisha ababumvira;
Baraheza bavuga babwira ba nyarucari bati: “Ntimurote muvavanura no gusenga imana zanyu ngo musenge Imana ya Nuhu; ntimureke gusenga “Waddu”, canke “Suwaa’u”, canke “Yaghuuthi”, canke “Ya’uuqa” na “Nasri”[3]”.
Mu vy’ukuri abarongoye abandi, baramaze guhubisha ba nyarucari benshi. Kubera ivyo rero Mana! Ndagusavye ntiwongerereze abirenganije mu kukugarariza, kiretse ubuhuvyi n’agahombo ku kandi".
Kubera ibicumuro vyabo vy’agahomerabunwa rero, basomeshejwe nturi biturutse kw’isegenya. Bazokwinjizwa no mu muriro udahera. Ntibazoshobora kuronka ababatabara mu bihano, kiretse Imana Allah.
Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), imaze kwihebura ko batacemeye, yavuze iti: “Mana yanje Rurema Allah! Ntusige n’igisanira muri abo bagarariji, kigendagenda kw’isi;
Mu vy’ukuri, niwabasigaza kuri iyi si, bazohubisha ibiremwa vyawe, kandi ntibazokwibaruka atari abantu b’abanyavyaha, b’abagarariji;
Mana yanje Rurema Allah! Ngirira imbabazi jewe n’abavyeyi banje, n’uwo wese yinjiye mu nzu yanje yemera Imana Allah. Wongere ubabarire abemeramana n’abemeramanakazi, kandi ntiwongerereze abirenganije mu kugarariza, kiretse ukubahonya kw'isi, hamwe n’agahombo mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.