عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Cleaving [AL-Infitar] - Kirundi translation - Yusuf Gheti

Surah The Cleaving [AL-Infitar] Ayah 19 Location Maccah Number 82

Igihe n’ibiyaga vyagomorowe bigacika kimwe;

Ivyo vyose nivyashika, umuntu wese azomenya ico yakoze n’ico yirengagije, aheze agihemberwe.

Ewe muntu uhakana izurwa ry’ibiremwa! Wahenzwe n’igiki kigutuma ugarariza Imana yawe Rurema Allah, Nyenubugiraneza?

Ni Yo Yakuremye, Iragutunganya, Iranakuringaniza neza;

Bantu ! Nimuteshwe mute murahumba! Murihenda mu gusenga ibigirwamana. Ahubwo mwebwe muhakana mwivuye inyuma umusi w’impera n’iharurirwa.

Mu vy’ukuri, mufise abamalayika bajejwe kubabungabungira ivyo mukora mu kuvyandika;

Batewe iteka n’Imana Allah, bandika vyose ata kibacika;

Barazi ivyo mukora vyose, vyaba ivyiza canke ibibi.

Mu vy’ukuri aberanda bubahiriza agateka k’Imana Allah n’agateka k’ibiremwa, ni ukuri bazoba bari mu nema z’Ubwami bw’ijuru.

Mu vy’ukuri, n’inkozi z’ikibi zitigera zubahiriza agateka k’Imana Allah n’ak’ibiremwa, na zo zizoba ziri mu muriro ururumba;

Mbega, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’impera ico ari co!

Hanyuma, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’impera ico ari co!