عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Most High [Al-Ala] - Kirundi translation - Yusuf Gheti

Surah The Most High [Al-Ala] Ayah 19 Location Maccah Number 87

Ninahaza izina ry’Imana yawe Rurema Allah, Nyenicubahiro-ntangere (uvuge uti: “Sub-haana Rabbiya l-A’laa”).

Yararemye ibiremwa, maze Iraringaniza indemo yavyo n’ibihimba; kimwe cose aho kigenewe, kibereye;

Iraheza Irategekanya ivya nkenerwa vyose ku biremwa, Iranigisha kimwe cose ukuntu kivyikorako;

Hanyuma Irabukavya, busa n’urwatsi rutoto ruja kwirabura.

Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Tuzokwigisha Qor’ani, ntuzoyibagira namba;

Kiretse ico Imana Allah Ishatse ko wibagira ku neza y’ibiremwa. Mu vy’ukuri, ni Yo Izi ibigaragara mu bikorwa no mu majambo n’ibinyegeje muri vyo.

Tuzokworohereza gukora ivyoroshe; nko kwihanganira ishikirizabutumwa no kworoherezwa amabwirizwa y’idini.

Kubera ivyo rero, ibutsa abantu bawe warungitsweko gutumbera inzira igororotse, na canecane kwibutsa uwitezwe ko yibuka, nya kwibuka kukamugirira akamaro;

Hazokwibuka uwutinya ibihano vy'Imana Allah.

Uwaseserejwe n’ivyaha na we, azoheza yigire kure y’urwo rwibutso;

Ari na we azokwinjira mu muriro udahera ukaze bihambaye;

Hanyuma ntazopfa muri wo ngo awuruhuke, eka ntazonawugiriramwo ubuzima buhimbaye.

Mu vy’ukuri yaramaze gutsinda, umuntu yiyejeje amabi;

Akaninahaza n’izina ry’Imana yiwe Rurema Allah, maze agasenga amasengesho-bwirizwa ku mwanya, arondera gushimwa na Yo.

Bantu! Ahubwo rero, mushira imbere kurusha ubuzima bw’ibihendamaso vyo kw’isi;

Kandi ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ari bwo bwiza gusumba, kandi bwamaho.

Mu vy’ukuri, ivyo vyose mwadondaguriwe muri iki gisomwa, biri no mu Bitabu vy’aho hambere ya Qor’ani;

Mu Mizingo y’Intumwa z’Imana Ibrahimu na Musa (za nyakugira amahoro y’Imana Allah).