عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Overwhelming [Al-Ghashiya] - Kirundi translation - Yusuf Gheti

Surah The Overwhelming [Al-Ghashiya] Ayah 26 Location Maccah Number 88

Mbega Ntumwa y’Imana! Warashikiriwe n’inkuru y’umusi uhwikira ibiremwa!

Uwo musi, abagarariji bazosuzugurika bijirirwe mu maso kubera ibihano;

Bakore bita ku rutare, baruhe;

Bazokwinjira mu muriro udahera, unyengetera cane;

Banyweshwe mw’iriba ry’amazi asebura akaryimara;

Ntavyibusha namba eka ntanavuna n’inzara (ntanahembura) na gato.

Uwo musi rero, abemeramana bazorangwa n’akamwemwe mu maso;

Bashime mu buzima bw’inyuma yo gupfa ibikorwa vyabo bakoze kw’isi;

Bazoba bari mu Bwami bw’ijuru bw’iteka;

Ntibazokwumvamwo insaku n’amajambo ata co amaze;

Harimwo n’ibitanda vy’icubahiro bihanitse;

N’ibirahuri bishinguwe neza, vyabategekanirijwe;

N’ibisaswa vy’iteka bishashwe neza.

Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, Ibutsa abirengagiza ukuri, ko mu vy’ukuri wewe ujejwe kwibutsa gusa;

Ariko uwugenza umugongo, agatsimbatara mu kugarariza;

Mu vy’ukuri, igaruka ryabo - nibazuka - ni iwacu Twebwe Allah;

Hanyuma, nta nkeka ko ari Twebwe Allah, Tujejwe kubaharurira ku musi w’impera.