عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Dawn [Al-Fajr] - Kirundi translation - Yusuf Gheti

Surah The Dawn [Al-Fajr] Ayah 30 Location Maccah Number 89

Jewe Allah, Ndarahiye ku mutwenzi!

No ku majoro cumi ya mbere yo mu kwezi kwa 12, Dhul-Hijja!

No kw’ijoro iyo rihise! Ko abahakanyi bazohanwa;

Ubwo muri ivyo, ntiharimwo indahiro ikwiye ku wufise ubwenge!

Ntumwa y’Imana! Mbega, ntiwabonye ingene Imana yawe Rurema Allah Yagize Bene Aadi igihe c’Intumwa Huudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah)!

Ubwoko bwa Iramu, beninguvu n’amazu maremare;

Nta baremwe nkabo mu bindi bisagara mu ngimba n’inguvu bari bafise.

Ntiwabonye n’ukuntu Yagize Bene Thamuudi, babaza amazu mu mabuye mu kabande igihe c’Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah)!

Ntiwabonye kandi ukuntu Yagize Firawuni nyeningabo zatsimbataje ubwami bwiwe muri Misiri!

Abo bose, barimonogoje mu bugizi bwa nabi, mu bihugu vy’Imana Allah;

Maze Imana yawe Rurema Allah, Ica Irabamanurira ibihano bibakwiye.

Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Umureretsi w’ivyo bakoze, Iratenyenya ntiyibagira.

Nayo umuntu, iyo Imana yiwe Rurema Allah Imugerageje, Ikamutera iteka ry’ubutegetsi canke ry’ubutunzi, araheza akibaza ko biturutse ku butore bwiwe, agaca avuga ati: “Imana yanje Rurema Allah, Yaranteye iteka nta ngere”.

Iyo naho Imugerageje, Ikamugerera mu vyo Imuronsa bimubeshaho, araheza akibaza ko biturutse ku gasuzuguro, agaca avuga ati: “Imana yanje Rurema Allah, Yaransuzuguye”.

Nateshwe ate, arahumba! Ariko guhabwa iteka guturuka ku kwumvira Imana Allah; gusuzugurwa na kwo, kugaturuka ku kugabitaniriza Imana Allah. Ahubwo rero mwebwe, ntimwitaho impfuvyi ngo muzifashe;

Nimuteshwe mute, murahumba! Ntimwategerezwa kuba ukwo. Igihe rero isi yahondwahonzwe;

Imana yawe Rurema Allah na Yo, Ikaza gutunganiriza ibiremwa, abamalayika na bo batonze ku murongo;

Umuriro wa Jahannamu na wo kuri uwo musi, ugashirwa ahabona; uwo musi, umuntu w’umugarariji azokwikebuka yibuke kwigaya, ariko rero ukwo kwibuka akigaya, nta co kuzomumarira.

Azovuga yicuza ati: “Ubona iyo nkora nkiri kw’isi ivyomfasha muri ubu buzima bwanje bw’inyuma yo gupfa!”.

Kuri uwo musi rero, nta wuzohana umuhakanyi bikwiye nk’igihano c’Imana Allah.

Kandi nta wuzoboha nk’Imana Allah mu kudadira umuhakanyi.

Iyo umwemeramana apfuye, abwirwa ati: “Ewe mutima utekanishijwe n’ininahaza n’itaziramana hamwe n’ukwemera Imana Allah!

Subira ku Mana yawe Rurema Allah wishimiye impera yayo, wishimiwe n’Iyakuremye Allah;

Uheze winjire rero mu mugwi w’abaja banje beranda;

Winjire no mu Bwami bwanje bw’ijuru”.