عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Sun [Ash-Shams] - Kirundi translation - Yusuf Gheti

Surah The Sun [Ash-Shams] Ayah 15 Location Maccah Number 91

Jewe Allah, Ndarahiye ku zuba no ku muco waryo mu gitondo!

No ku kwezi iyo gukurikiye izuba rirenze n’iyo riserutse!

No ku murango iyo hakeye, umwijima w’ijoro ugaherengetera!

No kw’ijoro iyo ripfutse isi hakijima!

No kw’isi n’ukuntu ishashe, kugira ibiremwa bishobore kuyibako!

No ku mushaha w’ikiremwa ico ari co cose n’ukuntu watunganijwe n’Imana Allah!

Igaheza Ikawumenyesha mu kuwutomorera inzira y’inabi n’iy’ineza!

Ni ukuri yaratsinze, uwejeje umushaha agakora ivyiza.

Kandi ni ukuri yarahomvye ubuzima bwiwe, uwasibije umushaha agakora ivyaha.

Bene Thamuudi barahakanye Intumwa y’Imana Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), kubera ukwimonogoza kwabo mu gukora ivyaha;

Igihe hiyadukiza inkozi y’ikibi muri bo[1] kugira ice imitsi ingamiya;

Intumwa y’Imana Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), iraheza ibabwira iti: “Mwoye gukomakoma ingamiya yarungitswe n’Imana Allah, mwiyubare kuyivogera ku musi wayo yagenewe gushoka kunywa”.

Maze barayigarariza batako baraca imitsi ya nya ngamiya. Imana yabo Rurema Allah Ica Irabahana, Irabahonya bose ata n’umwe arokotse, kubera ibicumuro vyabo.

Kandi Imana Allah, ntitinya inkurikizi z’ibihano Yabahaye.