عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

Solace [Al-Inshirah] - Kirundi translation - Yusuf Gheti

Surah Solace [Al-Inshirah] Ayah 8 Location Maccah Number 94

Muvugishwamana! Mbega, Twebwe Allah, ntitwakwaguriye igikiriza cawe mu kuguha ukwihangana, kugira ushobore kwakira ubutumwa no kubushikiriza!

Turaheza Tugukurako umutwaro (w’uko abantu bawe warungitsweko batotumbera inzira)!

Umutwaro wari uremereye umugongo wawe;

Gutyo, ku kubera imigenzo myiza wahawe, Tukudugiriza icubahiro.

Ntuzobuzwe rero n’ibangamirwa ry’abakwanka, gushikiriza ubutumwa. Burya mu vy’ukuri, akaga n’agahengwe biragendana.

Burya mu vy’ukuri, akaga n’agahengwe biragendana.

Kubera ivyo rero, iyo uhejeje gutunganya ibikenewe mu vy’isi, senga ushimire Imana Allah;

Unatakambe cane urondera ibiri ku Mana yawe Rurema Allah.