عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Clear proof [Al-Bayyina] - Kirundi translation - Yusuf Gheti

Surah The Clear proof [Al-Bayyina] Ayah 8 Location Madanah Number 98

Ico cemeza, ni Intumwa ivuye ku Mana Allah, yaje ibasomera Qor’ani yanditswe ku mpapuro zitagiramwo agasembwa, zisukuye.

Harimwo ibimenyetso n’amategeko atomoye, arongora mu nzira igororotse.

Abahawe Igitabu, ntibiciyemwo imigwi ku vyerekeye ukwemera umuzo w’Intumwa Muhamadi[1], kiretse inyuma y’aho bashikiriwe n’icemeza kiboneka, cemeza ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana), ari yo Ntumwa y’Imana Allah basezeraniwe mu Bitabu vyabo.

Nta n’ikindi bategetswe gukora mu mabwirizwa bahawe, atari ukwiyegereza Imana Allah mu vyo bakora vyose banayisenga ari Imwe Rudende, beze idini ryayo batayibangikanya, batsimbataze n’amasengesho ku mwanya, banatange n’ishikanwa-bwirizwa. Iryo rero, ni ryo dini ry’ukuri, ni na bwo bwislamu.

Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe; abo rero, ni bo beza cane mu biremwa;

Impembo yabo ku Mana yabo Rurema Allah, ni imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, musi y’inyubakwa n’ibiti vyabwo hatemba inzuzi, bazobubamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Imana Allah Yarabashimiye ku vyo bakoze, na bo nyene barayishimiye ku mpera Yabageneye. Iyo, ni yo mpembo y’uwatinye gucumura ku Mana yiwe Rurema Allah.