عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The earthquake [Al-Zalzala] - Kirundi translation - Yusuf Gheti

Surah The earthquake [Al-Zalzala] Ayah 8 Location Madanah Number 99

Maze isi igasohora ibiri muri yo vyose; abapfuye hamwe n’ubutare;

Umuntu akicwa n’ubwoba n’akantu abaza ati: “Mbega yemwe! Isi yashikiwe n’iki?”.

Uwo musi, isi izoshikiriza inkuru z’ivyayikoreweko vyose; vyaba ivyiza canke ibibi;

Uwo musi, abantu bazozuka bari imigwimigwi, kugira berekwe n’Imana Allah ibikorwa vyabo, Inabibahembere.

Uwo wese rero akora iciza n’aho coba kingana n’akanyegeri, azobona indishi yaco mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

N’uwukora ikibi n’aho coba kingana n’akanyegeri, na co nyene azobona igihano caco mu buzima bw’inyuma yo gupfa.